Itegeko rya Trump ku bimukira ryahagaritswe ku kiringo kitazwi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Itegeko rihagarika ingenzi n'abimukira ryatumye haba imyiyerekano mu ntara nyinshi za Amerika

Umucamanza w'igihugu wo mu ntara ya Hawaii yahagaritse vy'agateganyo ariko ku kiringo kitamenyeshejwe, itegeko rijanye n'abimukira rya Prezida Donald Trump wa Amerika.

Ingingo ya Derrick Watson isigura ko Bwana Trump atarekuriwe kubuza abanyagihugu bo mu bihugu bitandatu bigwiriyemwo abo mw'idini rya Islamu, kwinjira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu gihe urubanza rukiri muri sentare.

Igihe sentare yafata ico cemezo, yasiguye ko ukwo kubuza abo banyagihugu kuja muri Amerika, kwohungabanya igisata c'abakerarugendo hamwe no gushobora kwakira mu mashule abanyamahanga be no kurondera abakozi.

Prezida Trump avuga ko iryo tegeko ryasubiwemwo, rifise intego yo kubuza abari mu migwi y'iterabwoba kwinjira muri Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umucamanza Derrick Watson

Umucamanza Watson yafashe iyo ngingo ku munsi wa gatatu amaze kwumva ivyitwazo vy'abashikirizamanza ba Hawaii hamwe n'abo mu bushikiranganji bw'ubutungane.

Itegeko bwirizwa rya Trump ryo ku wa 6 ukwezi kwa gatatu ryotumye abanyagihugu bo muri Irani, Libiya, Siriya, Somalia, Sudani na Yemeni batangura kwinjira muri Amerika inyuma y'iminsi 90, impunzi nazo inyuma y'iminsi 120.

Urubanza rwo kugwanya iyo ngingo ya sentare ya Hawaii ruzoshingishwa muri Sentare ya "Ninth Circuit Court of Appeals"-sentare yari yanse kuvuguruza ingingo yafahwe na sentare ya Seattle yari yahagaritse ishigwa mu ngiro ry'itegeko rya mbere.