Abantu batanu bishwe na kajugujugu muri Pays de Galles

Ikarata yerekana inzira iyo kajugujugu yafashe Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Ikarata yerekana inzira iyo kajugujugu yafashe

Abantu batanu bapfuye inyuma yaho indege ya kajugujugu barimwo ihanukiye mu gihugu ca Pays de Galles hafi yo mu Bwongereza.

Inyuma yaho iyo ndege ibuzwe irengero ivuye Luton ija Dublin ku munsi wa gatatu, ibikogwa vyo kuyihiga hasi no mu kirere vyaciye bitangura.

Supt Gareth Evans akora mu gipolisi ca North Wales, yavuze kuri uno wa kane ko babonye aho yaguye kandi ko imibiri y'abantu batanu bari muri yo yabonetse.

Umurwi w'abatabazi bo mu misozi basanze ibimanyu vy'iyo ndege mu misozi ya Rhinog.

Iyo ndege y'umuntu yikorera ku giti ciwe, yabuzwe irengero kuri "radar" igeze hejuru Caernarfon.

Igipolisi kivuga ko ata makuru cari gifise ajanye nuko iyo kajugujugu yohagaze mu karere ka Caernarfon.

Nta muntu aramenya abapfuye abaribo ariko umugabo akora amatohoza ku mpanuka zishitse giturumbuka nka mwenizo, Dewi Pritchard-Jones, yatanguye itohoza.