Ikiziga ca Kim Jong-nam cashikanywe muri Korea ya ruguru

Bivugwa ko ikiziga coba cakuwe mu buruhukiro bwa Kuala Lumpur kigashikanwa ku kibuga c'indege muri iyi modoka Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Bivugwa ko ikiziga coba cakuwe mu buruhukiro bwa Kuala Lumpur kigashikanwa ku kibuga c'indege muri iyi modoka

Ikiziga ca Kim Jong-nam avukana na Kim Jong-un arongoye Korea ya ruguru cashikanywe mu gisagara ca Pyongyang, niko ubutegetsi bw'Ubushinwa bwavuze.

Korea ya ruguru niyo yasavye ico kiziga, ariko ntiyigeze ivuga ko arico cazanywe.

Catanzwe inyuma y'umwumvikano w'ibihugu bibiri, watumye abantu icenda baturuka muri Malaysia barekugwa na Korea ya ruguru bagataha.

Ivyo bihugu ukwo ari bibiri vyari bimaze iminsi mu ngwano y'amajambo itewe n'urupfu rwa Kim Jong-nam mu kwezi guheze.

Ibihugu vyose vyarugaye imipaka, ivyo bihagarika uruja n'uruza rw'abanyagihugu.

Ku rundi ruhande abantu batatu bo muri Korea ya ruguru bemerewe kuva muri Malaysia, niko igipolisi c'ico gihugu cavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyrightKYODO / REUTERS
Image caption Kim Jong-nam avukana na Kim Jong-un ku muvyeyi umwe gusa

Korea ya ruguru ikekwa kuba yarishe Kim Jong-nam ikoresheje umuntu wayo ku kibuga c'indege ca Kuala Lumpur.