Park Geun-hye yahora arongoye Korea yepfo yapfunzwe

Prezida wa Korea y'epfo aherutse kuvanwa mu mabanga, Park Geun-hye, afungiwe mu nzu iri mu gisagara ca Seoul Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Prezida wa Korea y'epfo aherutse kuvanwa mu mabanga, Park Geun-hye, afungiwe mu nzu iri mu gisagara ca Seoul

Prezida wa Korea y'epfo aherutse kuvanwa mu mabanga, Park Geun-hye, yafashwe ajanwa gupfungwa kubera ruswa y'ibiterasoni akurikiranwako yatumye ava ku burongozi bw'igihugu.

Uwo mugore w'imyaka 65 yagiye gupfungigwa mu kibanza cabigenewe i Seoul, sentare ihejeje gusaba ko afatwa.

Yagirizwa kuba yararetse somambike wiwe Choi Soon-sil, kwaka amahera bidaciye mu mategeko amashirahamwe arimwo Samsung, kugira ngo yoroherezwe mu kazi.

Umupfasoni Park, yakuwe mu mabanga mu ntango ya kuno kwezi, yarahakanye ivyo aregwa.

Abaye umukuru w'igihugu agira gatatu wa Korea yepfo afashwe akurikiranwa ku vyaha vy'ubutungane.

Abantu barenga 50 bitwaje amadarapo y'igihugu basaba ngo arekugwe, bari kw'irembo bamuramutsa, niko itororokanirizo ry'amakuru AFP ryavuze.

Umukenyezi Park ashobora kumara iminsi 20 apfunzwe imbere yuko yagigwa.

Igihe yoba yagiwe, ashobora guhabwa igihano co gupfungwa gushika ku myaka cumi.