Pakistani: ibisasu vyaturikiye mu modoka vyishe 22

Ibisasu vyatezwe mu modoka vyaturitse abantu bakoraniye mu masengesho Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibisasu vyatezwe mu modoka vyaturitse abantu bakoraniye mu masengesho

Niburiburi abantu 22 bapfuye, abarenga 70 barakomereka inyuma yaho ibisasu biturikiye hanze y'umusigiti mu buraruko bwa Pakistani.

Ivyo bisasu vyaturikiye mu gisagara ca Parachinar, kigwiriyemwo aba Islamu bo mu bwoko bw'aba Shia, ku rubibe rwa Afganistani.

Amakuru asohoka avuga ko imodoka yuzuye ibisasu biturika yari yasizwe aho abagore binjirira ku musigiti, abantu baje mu bisabisho vyo ku munsi wa gatanu.

Igisirikare ca Pakistani carungitse kajugujugu gufasha gutwara abakomeretse ku bitaro.

Umuganga w'ibitaro yavuze ko bariko barasaba abanyagihugu ngo baje gutanga amaraso, kugira ngo bashobore kuvura abakomeretse.

"Abagwaye bariko barazanwa n'imodoka z'abikorera utwabo hamwe na "ambulances", tukaba tumaze kwakira abantu barenga 30 gushika ubu," niko uwo muganga yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Amamangazini n'imiduga yegereye uwo musigiti vyononekaye.

Umushikiranganji wa mbere Nawaz Sharif yaneguye ivy'ico gitero, avuga ko leta izoguma ikora ngo "irangize ibikogwa vy'iterabwoba".