Abakunzi ba Arsenal biyamirije Wenger mu matora

Abakunzi ba Arsenal basaba ko umumenyereza Arsene Wenger atokwongegwa ikindi kiringo Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Abakunzi ba Arsenal basaba ko umumenyereza Arsene Wenger atokwongegwa ikindi kiringo

Ku bantu 1 000 b'abakunzi ba Arsenal baherutse gukogwako itohoza (sondage d'opinion), 78% bavuga ko ata cizere bafitiye umumenyereza w'uwo murwi, Arsene Wenger.

Abakunzi b'umurwi ntibaryohewe kubona Arsenal iri mu kibanza ca gatandatu n'amanota 19 inyuma y'umurwi uri hejuru Chelsea.

Arsenal itagiye mu bibanza bine vya mbere mw'ihiganwa rya Premier League, ishobora kutinjira ihiganwa ry'imirwi ya Buraya, Champions League, mu mwaka uza.

Ikiringo ca Arsene Wenger co kumenyereza umurwi Arsenal giherana n'ihiganwa ry'uno mwaka ariko akaba ashobora kwiyongera uwundi mwaka umwe.

Uwo mumenyereza yavuze ko azomenyesha ko aguma canke ataguma muri Arsenal amaze gufata ingingo ijanye na kazoza kiwe.