Imyuzure yateye ibisagara muri Australia

Uduce two mu ntara za Queensland na New South Wales muri Australia twarengewe n'amazi y'imvura.

Imvura y'igihuhusi yateye uduce tubamwo abantu benshi mu gihe ibisigarira vy'igihuhusi Debbie vyatandukiye inkengera zo mu buseruko.

Mu gihe imyuzure yaguma yiyongera mu bisagara bimwe bimwe, abafotora bafashe amasanamu y'ingene abantu bariko bagenzura ivyononekaye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Inzuzi nyinshi zasheshe bituma ubutegetsi bugabisha abanyagihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA

Abanyagihugu ba Billinudgel, NSW, bakoresha imbaho zireremba baca ahahora amabarabara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Umugwa mukuru wa Queensland, Brisbane, nawo nyene watandukiriwe, abanyagihugu bakaba bari basabwe kuhava.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Amaduka yari yarengewe ahitwa South Murwillumbah, hamerewe nabi kurusha ahandi.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA

Iyo mvura yazimanganije amabarabara, ibiti biragwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Abafashe kwitegekaniriza impanuka (assureurs) bavuze ko hakiri kare gutanga agaciro k'ivyononekaye.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA

Ubutegetsi buvuga ko abantu baharugwa mu bihumbi babuze umuyagankuba.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

N'ibikoko vyo mu mazi nka "requin" vyatewe n'ayo mazi.

Uwufise ububasha kw’isanamu QFES

Muri kino gihe igihuhusi cavuye mu bisagara vya New South Wales na Queensland, kija mu kiyaga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Bureau of Meteorology

Ibindi bisa n’ibi