Imigumuko kubera ibiringo vya Prezida muri Paraguay

Abigaragamvya baturiye inyubakwa y'inama nshingamateka ya Paraguay Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abigaragamvya baturiye inyubakwa y'inama nshingamateka ya Paraguay

Umukuru w'umugambwe ukomeye muyitavuga rumwe na leta muri Paraguay yavuze ko umusore yiciwe mu migumuko yo kwiyamiriza ikiringo ca kabiri ca Horacio Cartes.

Uwurongoye umugambwe Liberal, Efrain Alegre, yavuze ko uwo musore yari umwe mu bandi benshi bakomeretse igihe igipolisi carasa abari mu myiyerekano ku biro vy'uwo mugambwe ku murwa mukuru Asuncion.

Kare abari mu myiyerekano bateye inyubakwa ikoreramwo inama nshingamateka barayiturira, mu gihe ishavu ritewe no guhindura ibwirizwa shingiro ribandanya kwiyongera.

Gushika ubu, gusubira kwitoza kw'abakuru b'ibihugu birabujijwe muri Paraguay, mu ntumbero yo kubuza ko hagaruka intwaro y'igitugu.