Abarenga 300 baramaze guhitanwa na mugiga muri Nigeria

Icigapo c'ubwonko bw'umuntu yafashwe na mugiga Uwufise ububasha kw’isanamu Science Photo Library
Image caption Mugiga irangwa n'ukuvyimbigwa kw'utubiribiri turi mu bwonko hamwe no ku ruti rw'umugongo

Abajejwe amagara y'abantu mu gihugu ca Nigeria bavuga ko abantu bamaze guhitanwa n'ikiza ca mugiga ubu barenga amajana atatu.

Ico kiza kimaze gushika henshi, kikaba kirangwa mu ntara cumi na zitandatu mu gice c'ubumanuko bw'igihugu.

Hari abandi bantu bashika ibihumbi bibiri n'igice vyibazwa ko bamaze kwandura iyo ndwara, irangwa n'ukuvyimbigwa kw'utubiribiri turi mu bwonko hamwe no ku ruti rw'umugongo.

Benshi mubo iyo ndwara imaze guhitana ni abana, abajejwe intwaro bakavuga ko ubwoko bw'iki kiza, buzwi nk'ubwoko C, budasanzwe kandi ngo hari ubukene bw'inkingo zo kuyirwanya.

Mugiga iboneka gake muri Nigeria, ariko abantu barenga ibimbi bibiri bahitanywe nayo igihe ikiza cayo giheruka haciye imyaka umunani.