Abasuma basahuye ibiro vy'ikinyamakuru muri Uganda

Si ubwa mbere ibiro vy'ikinyamakuru The Observer biterwa i Kampala Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Si ubwa mbere ibiro vy'ikinyamakuru The Observer biterwa i Kampala

Abasuma bamenye binjira mu biro vy'ikinyamakuru cigenga co mu gihugu ca Uganda biba ibikoresho birimwo za mudasobwa hafi nka zose.

Bubaye ubugira kabiri mu mezi atandatu ikinyamakuru The Observer gisahurwa muri ubwo buryo.

Ico kinyamakuru gifise icicaro ku murwa mukuru Kampala, kizwi ku makuru yaco aba arimwo itohoza kikaba cariyamirijwe kenshi na leta.

Umwanditsi mukuru waco yavuze ko ubwo busuma ari nk'igitero kw'itangazamakuru ryigenga muri Uganda.