Muri Colombia bararondera abasidukiweko n'umusozi

Benshi mu barusimvye ntibagira aho bakika umusaya Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Benshi mu barusimvye ntibagira aho bakika umusaya

Abarusimvye aho umusozi wasiduka mu muji wa Mocao uri mu bumanuko bwa Colombia, bariko barimba bagerageza kurondera abantu benshi bapfukiriwe n'ivu.

Abantu amajana abiri na mirongo itanu nibo bimaze kumenyekana ko bahitanywe n'ivyondo vyazanywe n'uwo musozi kuwa gatanu.

Imfashanyo ya mbere iramaze gushikira abantu batakigira aho bakika umusaya.

Umugabo umwe yavuze ko mu muryango wiwe ata wundi n'umwe yarusimvye, ngo nta kintu na kimwe asigaranye kiretse impuzu yahawe n'abagiraneza.

Ngo ntagira ico atamira eka mbere nta n'aho gukika umusaya afise.

Uwundi atuye aho vyabereye yavuze ko yabonye umugore atwawe n'ivyondo, ananiwe kugumya ukuboko kw'umugabo wiwe.