Abakubise umwana w'impunzi mu Bwongereza bapfunzwe

Uwo mwana yakubiswe amaze kuvuga ko ari impunzi Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Uwo mwana yakubiswe amaze kuvuga ko ari impunzi

Abantu batandatu batawe muri yombi mu bumanuko bw'umuji wa London mu Bwongereza, nyuma yo gukubita umwana w'impunzi w'imyaka cumi n'indwi.

Abo bantu bafashwe bagirizwa icaha kijanye no gushaka kugandagura umuntu.

Uwo muyabaga w'uruvange rw'Umunyeturkiya n'umunye Irani, yari ku gituro arindiriye bisi ari kumwe n'abagenzi biwe babiri.

Yakubiswe amaze kuvuga ko ariko ararondera ubuhungiro mu Bwongereza.

Kuri ubu ari mu bitaro aho bivugwa ko aremvye cane.