Indya zirimwo umwanda zashize abapolisi 200 mu bitaro

Intara ya Kerala mu bumanuko bw'Ubihindi Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Abapolisi batanguye kudahwa no gucibwamwo bamaze gufungura umuceri n'ifi

Abajejwe intwaro mu bumanuko bw'Ubuhindi bavuga ko abapolisi amajana abiri bariko baravurwa nyuma yo gufungura indya zanduye kw'ishure ryabo i Kerala.

Hari amakuru ava muri iyo ntara avuga ko abarwaye bashobora kuba ari benshi kurusha abo.

Abanyeshure b'abapolisi hamwe n'abapolisi bakora mu gisata ca CRPF, batanguye gucibwamwo no kudahwa nyuma yo gufungura umuceri n'ifi ejo kuwa gatandatu.

Abajejwe intwaro bategetse ko haba itohoza ngo hemezwe icoba cabarwaje ico ari co.