Amerika izokwitorana inyishu ku kibazo ca Korea ya ruguru

Bwana Trump azohura na Prezida w'Ubushinwa Xi Jinping (i bubamfu) ku munsi wa kane Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bwana Trump azohura na Prezida w'Ubushinwa Xi Jinping (i bubamfu) ku munsi wa kane

Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yavuze ko azotorera inyishu ingorane zitegwa n'ibikogwa vya "nucléaire" vya Korea ya ruguru, atiriwe ararondera gufashanya n'Ubushinwa.

"Ubushinwa nibutarondera inyishu ku kibazo ca Korea ya ruguru, twe tuzoyirondera. Ivyo ni vyo nobabwira." niko yabwiye ikinyamakuru c'Ubwongereza Financial Times.

Abajijwe ko yoshobora kuvyifashanya wenyene, yishuye ati: "Cane rwose."

Bwana Trump yashikiriza ayo majambo imbere y'urugendo rwa Prezida Xi Jinping rutegekanywa muri ino ndwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amashusho y'itegwa rya missile na Korea ya ruguru itariki 6 Ukwezi kwa gatatu, 2017

Ubushinwa buvuga iki kuri ico kibazo ca Korea ya ruguru?

Ubushinwa ni igihugu kigenzi ca Korea ya ruguru kuva kera, naho imigenderanire itifashe neza muri kino gihe.

Bwararetse ngo ico gihugu kibe nyamwigendako, inyuma y'igerageza ry'ibigwanisho vya "nucléaire" kimazemwo iminsi.

Mu kwezi kwa kabiri, bwarahagaritse kugurira Korea ya ruguru ibizuku gushika mu mpera z'umwaka wi 2017, bituma ubutegetsi bwa Pyongyang butakaza amahera menshi yaterera mu mwimbu w'igihugu.

Ubushinwa buguma bufashe mu mugongo Pyongyang ku gutinya ko Korea ya ruguru yohava isambuka igasubira gufatana na Korea yepfo, hamwe n'imiliyoni z'abanya Korea ya ruguru bokwimukira mu Bushinwa.