Ubwongereza na EU ntibumvikana kuri Gibraltar

Gibraltar yahora ari ubutaka bwa Espagne ariko bwegukira Ubwongereza munyuma Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Gibraltar yahora ari ubutaka bwa Espagne ariko bwegukira Ubwongereza munyuma

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'amakungu mu gihugu ca Espagne, Alfonso Dastis, yavuze ko atangajwe n'ijwi Ubwongereza buvugirako ku kibazo ca Gibraltar, ngo ntibikwiye ko umuntu arinda guta umutwe.

Ku munsi wa Mungu, uwigeze kurongora umugambwe w'aba Conservateurs uri ku butegetsi, Michael Howard, yasavye umushikiranganji wa mbere kugomorera igihugu mu ngwano ni vyaramuka bikenewe mu kugwanira Gibraltar (ubutaka bw'Ubwongereza ariko buguma busabwa na Espagne).

Yavuze ayo majambo akuye aho Umuryango w'ibihugu vya Buraya, EU, uhagaze ku bijanye na Gibraltar, mu gihe wamenyesheje ko Espagne yotegerezwa kwemeza canke guhakana (veto) ingingo yose yoba ifatiwe Gibraltar igihe Ubwongereza bwoba buriko burava mu muryango w'ibihugu vya Buraya.

Umukuru w'abashikiranganji arongoye Gibraltar, Fabian Picardo, yagirije uwurongoye akanama k'umuryango w'ibihugu vya Buraya, Donald Tusk, ko yifata nk'umugabo yafashe umugore yarenze ibigo ariko agata ishavu ku bana, mu kuba yashize Gibraltar ku rutonde rw'ivyo Ubwongereza bwoganira na EU imbere yo kugenda.

Abanyagihugu ba Gibraltar bamaze kumenyesha incuro zibiri mu matora kamarampaka ko batipfuza gusubira ku gihugu ca Espagne.