Prezida Sisi wa Misiri ategekanya guhura na Trump muri Amerika

Prezida Sisi (i buryo) aganira na Prezida wa Amerika Donald Trump (i bubamfu) Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Sisi (i buryo) aganira na Prezida wa Amerika Donald Trump (i bubamfu)

Umukuru w'igihugu ca Misiri Abdul Fattah al Sisi ategekanya guhura na Prezida wa Amerika Donald Trump uno munsi i Washington, mu ntumbero yo kunagura imigenderanire isigaye icumbagira y'ivyo bihugu bibiri.

Umukozi wo mu biro vy'umukuru w'igihugu, White House, yavuze ko Bwana Trump yipfuza kunagura imigenderanire, yongere akomeze ukumenyana kw'abo bategetsi kwatanguye ubwa mbere igihe bahura mu mwaka uheze.

Ni ubwa mbere Bwana Sisi agendera igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuva aho atorewe mu 2014.

Uwahora atwara igihugu ca Amerika, Barack Obama, ntiyumvikana na Bwana Sisi, bitewe n'ingene yama ahiga abo batavuga rumwe nk'umurwi Muslim Brotherhood.

(Umukuru w'igihugu ca Misiri ategekanya gukoresha urwo rugendo ngo aronderere imfashanyo igihugu ciwe, ubutunzi bugeze habi.)