Ubwato bw'Ubuhindi bwanyurujwe n'ivyihevyi muri Somalia

Abantu bafise ubwoba ko ubusuma bwo mu mazi bwoba busubiye kugaruka Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu bafise ubwoba ko ubusuma bwo mu mazi bwoba busubiye kugaruka

Ivyihevyi vyo mu mazi vyanyuruje ubwato butwara imizigo bwo mu gihugu c'Ubuhindi, ku nkengera z'igihugu ca Somalia, niko ubutegetsi bwa Puntland bwavuze.

Icegera c'umushikiranganji ajejwe ibivuko, Mohammud Gabbah, niwe yemeje ayo makuru kuri BBC y'igi Somali.

Havugwa amakuru atandukanya ku bijanye n'iyo ubwo bwato bwoba bwaje buva canke iyo bwatwawe.

"Twumvise ko ivyihevyi vy'aba Somali vyanyuruje ubwato bw'ubudandaji bwo mu Buhindi kandi ko bwariko buja ku nkengera z'igihugu ca Somali," niko Abdirizak Mohamed Dirir yahora arongora ikigo kigwanya ubusuma bwo mu mazi, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Hari abantu 11 muri ubwo bwato bwanyurujwe itariki 1 y'Ukwezi kwa kane, niko itangazamakuru ry'Ubuhindi ryavuze.

Mu kwezi guheze, ibisuma vyo mu mazi vyaranyuruje vyoroshe ubwato bukoreshwa mu budandaji, ubwa mbere kuva mu 2012.