Ibiturika muri gariyamoshi vyishe 10 mu Burusiya

Damage to a train carriage in St Petersburg - 3 April 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu EVN
Image caption Images of the damage were broadcast on Russian television

Ibiturika vyibasiye gariyamoshi ica mu kuzimu mu gisagara ca St Petersburg, vyishe abantu 10, abashika 47 barakomereka nkuko ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burusiya bwavuze.

Bwamenyesheje ko abakomeretse bariko baravurigwa mu bitaro bitandukanye.

Ivyo biturika vyabereye hagati y'ibituro bibiri vya gariyamoshi mu gisagara hagati (Sennaya Ploshchad na Tekhnologicheskiy Institut).

Ibituro vyose vya gariyamoshi vyugawe, abantu basabwa kubivamwo.

Amafoto yerekana icumba ca gariyamoshi cononekaye n'umuntu yakomeretse aryamye hasi, hamwe n'abantu bahunga baca mu mwotsi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin, ari muri ico gisagara ca St Petersburg, yavuze ko ubutegetsi buriko buratohoza ngo bumenye ivyaturitse ivyari vyo n'icabitumye.

Yahojeje abibasiwe n'ivyo biturika. .