Yegereyegere yahagaritse akazi muri RD Congo

Amabarabara ya Kinshasa akunze kubamwo abantu benshi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amabarabara ya Kinshasa akunze kubamwo abantu benshi

Amabarabara asanzwe aba yuzuye abantu i Kinshasa ku murwa mukuru wa Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), uno munsi yasa n'ayagaragara kubera yegereyegere yahamagajwe n'abatavuga rumwe na leta.

Iyo yegereyegere ifise intego yo kugondoza Prezida Joseph Kabila ngo ashire mu ngiro amasezerano yateweko umukono n'imirwi ya politike ariko asa n'ayasambutse.

Muri ayo masezerano, hategekanywa gushingwa leta nshasha itunganya amatora.

Bwana Kabila yategerezwa gukinjura mu mwaka uheze ariko amatora yo kumusubiriza ntiyigeze aba.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Joseph Kabila wa DR Congo

Inteko z'umutekano zagomowe gukingira ivyashara vy'abanyagihugu batipfuje kuja muri iyo yegereyegere.

Ikiringo ca kabiri ca Bwana Kabila carangiye mu kwezi kwa 11 ariko ntiyasubiza ubutegetsi, leta yiwe ikavuga ko ata matora yotunganywa kubera uburyo bw'amahera.