David Moyes kwisigura muri FA

Sunderland imaze gustinda inkino zine kuri 11 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sunderland imaze gustinda inkino zine kuri 11

Umumenyereza w'umurwi Sunderland David Moyes agiye kwisigura muri Football Association (FA) igituma yabwiye umumenyeshamakuru wa BBC ngo akwiye "gukubitwa ikofe".

Inyuma yaho umurwi wiwe unganirije na Burnley itariki 18 Ukwezi kwa gatatu, Moyes yabajijwe na Vicki Sparks niba kuba nyen'umurwi Ellis Short ariho yarari ko vyoba mu vyatumye adakinisha ukwo yipfuza.

Yishuye ati "oya" ariko, inyuma y'ikiganiro, yongera ati Sparks "ukwiye guhabwa ikofe naho uri umugore" aca amubwira ngo "ukwiye kwitonda" ni wasubira kugaruka.

Moyes "yarababajwe cane" no kubona yarasohoye ayo majambo.

"Twavuganye mu bihe bibi," niko uwo mugabo w'imyaka 53 aturuka muri Ecosse yavuze.

Ariko Moyes na Sparks baratwenze igihe yavuga ayo majambo, uwo mugabo yahora amenyereza Everton na Manchester United arasaba ikigongwe, nawe ntiyidoga.

FA igiye kwandikira Moyes imubaza ico yiyumvira ku vyabaye.

Sunderland niwo murwi wa nyuma mw'ihiganwa Premier League n'amanota 20, ukaba ukeneye kuronka muri kino gihe amanota 8 ngo ushobore kuva ku rutonde rw'imirwi itatu yova mw'iryo higanwa igihe ryoba rirangiye ubu.