Abapfiriye muri gariyamoshi mu Burusiya bageze kuri 14

Iyo gariyamoshi yononekaye yaje guhagarara ku gituro ca Tekhnologichesky Institut Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Iyo gariyamoshi yononekaye yaje guhagarara ku gituro ca Tekhnologichesky Institut

Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu mu Burusiya , Veronika Skvortsova, yavuze ko abantu batatu bakomerekeye mu gitero ca St Petersburg bapfuye, igitigiri c'abapfuye kikaba kigeze kuri 14.

Akanama kajejwe umutekano w'igihugu muri Kyrgyzstan kavuze ko umuntu yikekwa cane muri ico gitero ari uwitwa Akbarzhon Jalilov, wo mu bwoko bw'aba Uzbek afise ubwenegihugu bw'Uburusiya yavukiye Kyrgyzstan mu 1995.

Vyikekwa ko yoba ari mu bapfuye.

Umushoferi wa gariyamoshi, Alexander Kaverin, yabwiye abamenyeshamakuru ko yumvise ikintu giturika munsi y'icumba ca mbere aca arabandanya aja guhagarara ku gituro gikurikira, aho abo atwaye bamubwiye ivyabaye. (Yashimiye abakozi bo kuri ico gituro ku kungene bafashije.)

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Vladmir Putin yarashitse ku kibanza ubwo bwicanyi bwabereyemwo ku wa mbere ku mugoroba atwaye amashugwe

Igisata co gutwara abantu na gariyamoshi ca St Petersburg ni ica 19 kw'isi gitwara abantu benshi, bashika imiliyoni zibiri ku munsi, ariko nta gitero cari bwahavugwe.

Ibitero vyarabaye mu bindi bisata vyo kwunguruza abantu mu Burusiya. Mu 2010, abantu 38 barapfuye mu bitero bibiri vy'abiyahuzi muri gariyamoshi i Moscou.

Haheze umwaka umwe, ikibombe caraturitse ahaca gariyamoshi inyaruka cane ivuye Moscou igiye St Petersburg, hapfa abantu 27, hakomereka 130.

Ivyo bitero vyose vyemanzwe n'imirwi igendera ku vyiyumviro vya Islamu.