Amashirahamwe ya Afrika yepfo asaba Zuma gukinjura

Prezida Jacob Zuma wa Afrika yepfo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Jacob Zuma wa Afrika yepfo

Amashirahamwe y'abakozi yo muri Afrika yepfo ahurikiye muri Cosatu, yasavye Prezida Jacob Zuma gutanga imihoho.

Umunyamabanga mukuru Bheki Ntshalintshali yavuze ko "atariwe akwiye" kurongora igihugu.

Mu mirwi ikorana n'umugambwe uri ku butegetsi, Cosatu ifise abanywanyi bababa imiliyoni zibiri, ibaye iya kabiri isavye Zuma gutanga imihoho inyuma y'umugambwe w'aba komunista "South African communist party"wamubwiye mu mpera z'indwi iheze ko hageze kwagenda.

Bwana Ntshali Ntshali yavuze ko Zuma atagishoboye kunywanisha abanya muhari kandi kw'igikogwa aherutse kurangura co guhindura bamwe mu bagize leta, gishingiye cane ku mvo za politike kurusha ku bushobozi bw'umuntu.

Umushikiranganji w'ikigega Pravin Gordhan aheruka gukugwa, yari yizewe n'abanyagihugu, bavuga ko yari mu bategetsi bagwanya igiturire.

Urunani rw'amashirahamwe y'abakozi Cosatu ruvuga ko rufise amakenga ku kuntu abagwizatunga bo mu muryango Gupta basa nabashize Prezida Zuma mu kwaha, akekwa gufumbatishwa.

Icuka ca politike kiri muri Afrika yepfo ngo catumye ico gihugu gitakaza icizere mu makungu bigira n'ingaruka mbi ku butunzi bw'igihugu, ivyo bikaba biha ingoga abipfuza kwakugwako icizere.

Umuvugizi w'inama nshingamateka ariko aribaza nimba yohamagaza inama naho abadepite bari mu karuhuko gushika mu kwezi kwa gatanu, ngo bamenyeshe aho bahagaze kw'ico kibazo.