Umuryango wa Assad wa Syria unyegeje amahera muri Espagne

Amerika iheruka kumenyesha ko gukura Bashar al-Assad (i buryo) ku butegetsi bitari mu vyihutigwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amerika iheruka kumenyesha ko gukura Bashar al-Assad (i buryo) ku butegetsi bitari mu vyihutigwa

Umucamanza wo mu gihugu ca Espagne yahagarikishije ububiko bwo mu ma banki (comptes) bwa Prezida Bashar al-Assad n'umuryango wiwe, asaba nuko amazu yabo asakwa.

Sentare y'igihugu iri i Madrid iriko irakora itohoza kuri Sewabo wa Assad, Rifaat al-Assad, ku makuru yatanzwe n'abashikirizamanza bo mu gihugu c'Ubufaransa.

Ububiko (comptes) bw'abantu 16 barimwo abahungu biwe babiri na bamwe mu bagore biwe, bwahagaritswe, co kimwe n'ubundi bw'amashirahamwe 76.

Bakekwa kuba banyegeje amahera angana na miliyoni 300 z'amadolari, yibwe mu bigega vya Syria.

(Abakora itohoza bamaze gutora ingo zirenga 500 Rifaat al-Assad afisemwo uruhara, na cane cane hafi ya Puerto Banus na Marbella mu bumanuko bwa Espagne.