Umumenyereza yafashwe ku kwitsindisha 12-0 na Barcelona B

Eldense yatsinzwe 12-0 na Barcelone B
Image caption Eldense yatsinzwe 12-0 na Barcelone B

Umumenyereza aturuka mu gihugu c'Ubutaliyano yafashwe n'igipolisi co muri Espagne kimukurikirana ku kwitsindisha.

Filippo di Pierro, amenyereza umugwi Eldense wo mw'ihiganwa ry'igice ca gatatu, yafashwe inyuma yaho umurwi wiwe utsindiwe 12-0 n'umurwi Barcelone B ku munsi wa gatandatu.

Nta cemeza ko Barcelone B hari amakosa yoba yaragiyemwo.

Di Pierro, yinjiye muri uwo murwi mu kwezi kwa mbere, yakoreshejwe n'ishirahamwe ryo mu Butaliyano rifitaniye imigenderanire n'uwo murwi.

Ukwo gutsindwa kwatumye umurwi Eldense ukoroka ukaba ugiye kuja mu mirwi yo munsi.

Umunsi ukurikira uwo murwi wavuze ko utakibandanije mu zindi nkino mw'ihiganwa ry'uno mwaka, ariko munyuma urigarura uvuga ko uzoja mu nkino zose zisigaye.

Urwo rukino rwagenze gute?

Mu kiganiro n'iradiyo yo muri Espagne, Emmanuel Mendy akinira inyuma mu murwi Eldense, yavuze ko umufasha w'umumenyereza, Fran Ruiz, bavuganye, bumvikana ingene bahindura urukino.

"Yambajije nimba ndi mu bakina, n'amafaranga nipfuza, ko nimba ntarimwo ko aca anyinjiza," niko Mendy yavuze.

Ruiz nawe nyene yaravuganye na radio Cadena Ser avuga ati: "Mu bisanzwe amategeko yavuye hejuru ku mumenyereza.

"Sinabona ico nokora, nasa n'uwuri mu mayirabiri.

Umumenyereza w'umurwi mukuru wa Barcelone Luis Enrique nawe nyene yagize ico avuga ku vyabaye avuga ko ari "ivyo kwitondera".

"Ivyo biraba cane Eldense," niko yavuze. Barca B nta kintu yokwagirizwa.

"Ndanezerewe ko bitohozwako kandi ko bikurikiranigwa hafi."