Onu yaguye ku binogo vyahambwemwo abantu muri RD Congo

Igisirikare ca RD Congo kimaze iminsi gitana mu mitwe n'umurwi w'abagwanyi mu ntara ya Kasai ya hagati Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igisirikare ca RD Congo kimaze iminsi gitana mu mitwe n'umurwi w'abagwanyi mu ntara ya Kasai ya hagati

Umunyango mpuzamakungu Onu wavuze ko wabonye ibinogo 13 vyahambwemwo abantu, mu ntara ya Kasai ya hagati muri Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo, RD Congo

Bibaye ibinogo 23 uwo muryango umaze gutora, kuva mu kwezi kw'umunani kw'umwaka uheze.

Onu ntiyashoboye gusuzuma ivyo binogo vyagiye birahambwamwo abantu ikivunga, kurivyo ikaba idashobora kuvuga ko vyoba vyimbwe vuba.

Igereranya ko abantu 400 barimwo abagore n'abana, bishwe mu ngwano yabaye hagati y'igisirikare c'igihugu n'umugwi wafashe ibigwanisho.

Jose Maria Aranaz, arongoye umurwi wa Onu witaho agateka ka zina muntu, yabwiye BBC ko hakenewe ko hoba "umugwi ataho wegamiye wokorera itohoza mu muco" kugira ngo wizeze abanyagihugu, wongere ushire abakoze ubwicanyi imbere y'ubutungane.

Igisirikare ca Leta kimaze igihe kigwana n'umugwi witwa Kamwina Nsapu, wafashe ibigwanisho umutware w'akarere yishwe.

Imigwi yose yagirizwa kuba yarahonyanze agateka ka kiremwa muntu.

Mu kwezi guheze abahinga babiri ba Onu bariko baratohoza ku mabi yakorewe abanyagihugu, batowe bishwe, ibiziga biri mu binogo atari birebire.