Korea ya ruguru yateye ikigwanisho mu kiyaga c'Ubuyapani

Korea ya ruguru ivuga ko igerageza ry'ibigwanisho irikora mu mahoro Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Korea ya ruguru ivuga ko igerageza ry'ibigwanisho irikora mu mahoro

Korea ya ruguru yagerageje ikigwanisho kidashika kure cane co mu bwoko bwa "missile", kiva ku kivuko ca Sinpo kigwa mu kiyaga c'Ubuyapani.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Korea yepfo yavuze ko iyo "missile" yagurutse 60km.

Kino gisasu kirekuwe inyuma y'igerageza ry'ibindi bigwanisho Korea ya ruguru imazemwo igihe irondera gukora "missile nucléaire".

Irekura ry'iyo "missile" rishitse buca Prezida w'Ubushinwa Xi Jinping ahura na Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump.

Abo bategetsi babiri bazovugana ku kungene bokika ikibazo c'igerageza ry'ibigwanisho Korea ya ruguru imazemwo igihe, mu gihe Amerika isaba Ubushinwa busanzwe bucuditse na Pyongyang gufasha gutorera inyishu ico kibazo.

Bwana Trump yavuze mu kiganiro aheruka gutanga ko Washington yiteguye kwitorana inyishu, itiriwe irakorana na Beijing: "Ubushinwa nibutaronkera inyishu ikibazo ca Korea ya ruguru, twe tuzobikora."

Ubushinwa busaba Korea ya ruguru guhagarika igerageza ry'ibigwanisho

Korea ya ruguru yasubiye kurasa mu karere k'Ubuyapani

Korea ya ruguru yarabujijwe n'akanama kajejwe umutekano ka Onu kugerageza ibigwanisho vya "nucléaire" hamwe n'ama "missiles" naho iguma ica kuri ayo mategeko.