Abantu 9 baburiwe irengero ubwato burohamye i Zanzibar

Ikarata yerekana akarere ka Zanzibar
Image caption Ikarata yerekana akarere ka Zanzibar

Abantu icenda ntawuzi irengero ryabo, mu gihe abandi 44 barokotse, inyuma yaho ubwato bwo kuroba barimwo bwibiriye kw'izinga rya Zanzibar muri Tanzania, mu karere ka Afrika y'ubuseruko.

Makarani Mohamed, arongoye vy'agateganyo igisata kijejwe amatohoza, yabwiye BBC kw' ibikogwa vyo kubahiga no gutabara bibandanya.

"Twumvise ko hari impanuka yatewe n'umuyaga mwinshi hamwe n'imikwabu vyatumye ubwato bwibira," niko yavuze.

Abarokotse bavuze ko abantu 53 bagiye kuroba, aribo bari muri ubwo bwato ejo ku mugoroba ikiyaga gitekanye.

Munyuma igihe carahindutse, ikiyaga kizamwo imikwabu, bituba ubwato bwiyubika.

Yavuze ko atarabona abo bahora bakorana, kuva igihe iyo mpanuka ibereye.

Umwuga wo kuroba uri mu bikogwa vya mbere bifasha kuzamura ubutunzi mu karere ka Zanzibar, ariko ubwato bwinshi ntibukomeye, bigatuma hama haba impanuka nyinshi.

Mu 2011, abantu barenga 200 barapfuye, ubwato barimwo bwuzuye bukarengwa munyuma buribira, buvuye Unguja buja Pemba.