Abantu 30 bishwe n'abagwanyi ba IS muri Iraki

Ikarata ya Iraki
Image caption Ikarata ya Iraki

Abantu barenga 30 bishwe mw'ijoro n'abagwanyi b' umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu wiyita Leta y'iki Islamu "Islamic State" (IS) mu gisagara ca Tikrit muri Iraki, niko inteko z'umutekano zavuze.

Abajejwe umutekano bavuze ko abakoze ubwo bwicanyi ari abantu bashika cumi bafise inkoho, bari bafise umwambaro w'igipolisi.

Bateye ikirindiro c'igipolisi hamwe n'urugo rw'umupolisi mukuru, baramwica, bicana n'umuryango wiwe.

Igihe ingwano yarimwo, abagwanyi ba IS boba baciye barasa ata kuvangura, bica abasivile.

Babiri mu bateye bari bambaye amakoti atwaye ibisasu vyo kwiyahura, munyuma barituritsa igihe bari bakikujwe.

Urwamwo rw'amasasu rwari rucumvikana izuba riserutse.