Ururirimbo rw'imbonerakure ruteye uruhagarara

Imbonerakure zikunze kuja ku murongo wa mbere mu myiyerekano ishigikira ubutegetsi
Image caption Imbonerakure zikunze kuja ku murongo wa mbere mu myiyerekano ishigikira ubutegetsi

Amasanamu ya "video" y'imbonarakure zirimo kuririmba ku gutera inda abakobwa bo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yateye uruhagarara mu gihugu.

Umugambwe uri ku butegetsi waneguye ivy'iyo video y'iminota ibiri, yerekana imisore iri mu rwaruka rwawo (Imbonerakure), iririmba ku gutera inda abakobwa batavuga rumwe ngo bavyare urwaruka rwinshi rw'umurwi.

Mu rwandiko wasohoye wavuze uti: "Bihushanye n'ivy'umugambwe CNDD-FDD uharanira, bamwe mu rwaruka bararirimvye indirimbo itajanye n'imico hamwe n'akarangamutima k'umugambwe CNDD-FDD".

Uwo mugambwe wamenyesheje ko ugiye guhana abayiririmvye.

"Umugambwe CNDD-FDD waraneguye wivuye inyuma ukwo guta ururimi kandi umugwi ujejwe gusubiza abantu ku murongo "commission de discipline" uriko urakora kugira ngo umenye abo vyega, abakoze amakosa bashobore guhanwa".

Bubaye ubwa mbere umugambwe CNDD-FDD ufata ingingo nka mweniyo kandi urwaruka rw'uwo mugambwe rwararezwe kugira uruhari mu mabi arimwo no gutoteza abo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi.