Guardiola avuga ko umumenyereza wa Chelsea, Conte, ari uwa mbere

Antonio Conte (i bubamfu) na Pep Guardiola (i buryo) Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Antonio Conte (i bubamfu) na Pep Guardiola (i buryo)

Umumenyereza wa Chelsea Antonio Conte "ashobora kuba ari we wa mbere", niko umumenyereza w'umugwi Manchester City, Pep Guardiola "yize vyinshi" ku migwi amenyereza, yavuze.

Guardiola na Conte niho bacinjira mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza rya Premier League, bakaba bahura ku munsi wa gatatu.

Uwo wa nyuma vyifashe neza kurusha, mu gihe Chelsea akurikirana iri mu kibanza ca mbere irusha umurwi wa Man City uri mu kibanza ca kane, amanota 11.

"Ico novuga kuri mugenzi wanje Conte nuko abizi cane," niko uwo mugabo aturuka muri Catalogne yavuze.

"Yarashoboye gutuma umurwi w'Ubutaliyano ukina umupira mwiza w'amaguru-Juventus ukwo nyene- ku buryo bigora imirwi bahura kwinjiza.

"N'umumenyereza w'igitangaza, narize vyinshi kuri we, ndavye imirwi yiwe - Juventus, Ubutaliyano hamwe n'ubu.

"Nibaza ko ari we wa mbere."