Idini ry'aba Jehovah rigiye kwihanikizwa mu Burusiya

Umushikiranganji w'ubutungane w'Uburusiya avuga ko bimwe mu bitabo vy'Ivyabona vya Jehovah bibiba urwanko
Image caption Umushikiranganji w'ubutungane w'Uburusiya avuga ko bimwe mu bitabo vy'Ivyabona vya Jehovah bibiba urwanko

Sentare nkuru y'Uburusiya yatanguye kwumviriza urubanza rwashingishijwe na Leta, isaba kwihanikiza idini ry'Ivyabona vya Jehovah (Témoins de Jehovah), no gufata abantu b'uwo mugwi nk'intagondwa.

Ubushikiranganji bw'ubutungane bwamaze gushira uwo mugwi, ufise icicaro gikuru iruhande ya St Petersburg, ku rutonde rw'imigwi y'intagondwa.

Abantu barenga imiliyoni indwi kw'isi bari mur'iryo shengero rizwi ko riva ku muryango umwe rija ku wundi, igihe rirondera abanywanyi bashasha.

Iryo shengero rifise abanywanyi 175 000 mu Burusiya hamwe n'amashami 395 mu gihugu.

Mu gihe urubanza rwatanguye kuri uno munsi wa gatatu i Moscou, abahinga mu vy'amategeko baserukira iryo shengero bashingishije urundi rubanza, rusaba ko sentare yemeza ko abanya shengero babo bahohotegwa, kw'ivyo ubushikiranganji bw'ubutungane bwagize biteye kubiri n'amategeko.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko ibikogwa vy' Ivyabona vya Jehovah "biteye kubiri n'itegeko ry'Uburusiya mu kugwanya intagondwa" kandi ko ibitabo vyabo vyigisha kwanka abantu bo mu yandi mashengero.

Uwuserukira iryo shengero Yaroslav Sivulsky, yabwiye BBC ko uwo muhari ata kintu na kimwe ufise c'intagondwa, aca yidoga avuga ko ata na rimwe sentare yigera yumviriza ivyo bireguza.

Mu gitabo kimwe c'aba Jehovah, havugwa ko umwanditsi Leo Tolstoy, yavuze ko ishengero ry'iki Orthodox rikora ibijanye n'uguhamura hamwe n'ivy'ukuroga, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Sarah Rainsford yavuze.