Trump yiyamirije ubwicanyi bwibasiye abasivile muri Syria

Prezida Trump avuga ko kwica abana n'inzoya ari ukwambika iceyi isi yose Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Trump avuga ko kwica abana n'inzoya ari ukwambika iceyi isi yose

Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yaneguye ubwicanyi bw'abanyagihugu b'abasivile muri Syria, hakoreshejwe ibigwanisho vy'ubumara.

Abo bantu bashika ku mirongo indwi baguye mu gitero c'indege za girikare z'igihugu ca Syria.

Yavuze ko ari "ukwambika iceyi isi yose", yongera ati "Igihe wishe abana, inzoya, b'intungane... uba warengeje urugero."

Ntiyigeze acisha mu kanwa igihugu c'Uburusiya gisanzwe gicuditse na Syria, cavuze ko ubumara bwishe abo banyagihugu bwari busanzwe bubitswe n'inyeshamba.

Uwuserukira Amerika mu muryango mpuzamakungu Onu, we yagirije Uburusiya, avuga ko bupfukapfuka amabi akogwa na Damas.

"Ukwo iminsi igenda niko Uburusiya buguma buvuga ibintu uko bitari ku vyerekeye ubutegetsi bwa Damas," niko Nikki Haley yavuze mu nama y'akanama kajejwe umutekano ka Onu i New York.

Yavuze ko Amerika ishobora kwitorera umuti yonyene: "Igihe ishirahamwe mpuzamakungu Onu ridashoboye gutora inyishu rikoranye n'imirwi yose, hari ibihe mu buzima bw'ibihugu dusanga dutegerezwa gufata ingingo ukwacu."

Leta ya Syria irongowe na Prezida Bashar al-Assad yarahakanye ko inteko zayo zagavye igitero hakoreshejwe ibigwanisho vy'ubumara.