Amatora y'abashingamateka muri Gambia

Abanyagihugu bagiye mu matora y'abashingamateka Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyright SEYLLOU/AFP/GETTY IMAGES
Image caption Abanyagihugu bagiye mu matora y'abashingamateka

Abanye Gambia batanguye gutora abashingamateka, amatora ya mbere kuva igihe Yahya Jammeh aviriye ku butegetsi yaramazemwo imyaka 22.

Igihe ca Bwana Jammeh, inama nshingamateka ntiyigera ihanuzwa, umukuru w'igihugu agasohora amategeko atayigishije inama.

Hari icizere kinini ko ku mukuru w'igihugu mushasha, Adama Barrow, inama nshingamateka ishobora kugira uruhara runini mu gushinga amategeko.

Bwana Barrow yemeye ko agiye kunagura ibisata vya politike, ic'umutekano hamwe n'ic'itangazamakuru.

Mu vyo ariko arahindura, agiye gushinga umurwi w'ukunywanisha abanyagihugu, wotohoza ku mabi yakozwe igihe c'uburongozi bwa Bwana Jammeh.

Bwana Jammeh yarateye uruhagarara rwa politike mu kwanka kuva ku butegetsi, atsinzwe amatora mu kwezi kwa 12, 2016.

Yahavuye aja kuba mu buhungiro itariki 21 z' ukwezi kwa mbere, inyuma yaho ibihugu bibanyi bishatse kumukura ku butegetsi ku nguvu.