Abantu batatu bishwe banyonzwe muri Palestine

Umugambi ko hoba igihugu cigenga ca Palestine iruhande ya Israel niwo ubujije amahoro akarere k'ubuseruko bwa hagati Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umugambi ko hoba igihugu cigenga ca Palestine iruhande ya Israel niwo ubujije amahoro akarere k'ubuseruko bwa hagati

Umuhari Hamas wo muri Palestine wanyonze abagabo batatu mu karere ka Gaza, wagiriza gukorana n'ubutegetsi bwa Israel.

Babanje kubaca amagara, barabazirika, igihe bicigwa ku kibuga c'igipolisi.

Hamas yari yamenyesheje ko igiye gufatira ingingo zikomeye abakorana na Israeli.

Bino bikurikiranye n'iyicwa ry'umwe mu basirikare b'intwazangabo, Mazen Faqha, Hamas ikibaza ko yishwe n'abantu batumwe na Israeli.

Uwo muhari uvuga ko abo bagabo batatu bamanitswe, ata sano bari bafitaniye n'urupfu rwa Bwana Faqha, ariko ko bakurikiranwa ku bindi vyaha bijanye n'ugukorana na Israeli.