Prezida mushasha wa Somalia yiteguye kugwanya Al-Shabab

Prezida mushasha wa Somalia azwi cane kw'izina rya Farmajo, bisigura iforomaji mu gitaliyano Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida mushasha wa Somalia azwi cane kw'izina rya Farmajo, bisigura iforomaji mu gitaliyano

Umukuru w'igihugu mushasha wa Somalia Mohamed Abdullahi Farmajo yavuze ko agiye kugwanya umurwi Islamu al-Shabab, ingingo ikomeye afashe mu mezi ane amaze ku butegetsi.

Yavuze ko atanze ikigongwe ku kiringo c'iminsi 60, kugira ngo abagwanyi bishikane, munyuma bahabwe ikarishabwenge, akazi, abandi baje mu mashule.

Amenyesheje ivyo inyuma y'igitero c'umwihevyi iruhande y'inyubakwa ya leta ku mugwa mukuru Mogadishio, cahitanye abantu indwi, hamwe n'ibimaze iminsi bijanye no kunyuruza abakozi bo mu mashirahamwe y'abagiraneza.

"Ibitero vy'iterabwoba vyarabaye ndanse kandi inteko z'igihugu za Somalia ziri magabo, ngo zigwanye abatuma haba umutekano muke n'iterabwoba", niko yavuze.

Yavuze ko yahinduye bamwe mu bakozi bo hejuru mu gisata c'iperereza n'ic'igipolisi, kugira ngo igihugu citegurire guhangana n'abo bagwanyi.