Igitero ca St Petersburg: hatowe ikibombe kitaturitse

Igitero co ku munsi wa mbere cishe 13 gikomeretsa 50 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igitero co ku munsi wa mbere cishe 13 gikomeretsa 50

Igipolisi c'Uburusiya categuye ikibombe catoye mw'igorofa mu gisagara ca St Petersburg inyuma y'iminsi itatu inkoziyikibi igavye igitero kuri gariyamoshi hagapfa abantu 13.

Umwe mu bakozi bo muri ico gisagara yavuze ko hari abantu benshi bikekwa bafashwe, igihe igipolisi kija gusaka muri iyo gorofa hakiri kare ku wa kane, niko ikinyamakuru Ria Novosti cavuze.

Ababanyi bigijwe kure, ivyabona bikavuga ko abagabo batatu batwawe bambitswe amapingu, niko ico kinyamakuru cabandanije kivuga.

Uwikekwa cane muri ico gitero ca gariyamoshi, Akbarzhon Jalilov, yakiguyemwo.

Uwo musore w'imyaka 22 aturuka muri Repubulika ya Kyrgyzstan muri Asia ya hagati, ibisigarira vyiwe vyamenyekanye kubera abavyeyi biwe ku munsi wa gatatu. Ni we yabaye uwa 14 mu bapfuye.