Muri Kenya imigambwe yemerewe kwiharurira amajwi

Abakuru b'imigambwe ihurikiye mu runani NASA bipfuza gukura ubutegetsi bwa Uhuru Kenyatta Uwufise ububasha kw’isanamu NATIONBREAKING/TWITTER
Image caption Abakuru b'imigambwe ihurikiye mu runani NASA bipfuza gukura ubutegetsi bwa Uhuru Kenyatta

Umugwi ujejwe gutunganya amatora muri Kenya, IEBC, wamenyesheje ko uhaye uburenganzira imigambwe bwo kwiharurira amajwi igihe c'amatora itariki 8 z'ukw'umunani uno mwaka.

Uvuga ariko ko ariwo ujejwe gutanga ibiharuro vya nyuma.

Uwo mugwi ushikirije ivyo mu gihe mu mpera z'indwi iheze, kizigenza w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi Raila Odinga, yamenyesheje ko azorungika intumwa z'urunani NASA rugiye guhangana n'umugambwe uri ku butegetsi mu bibanza vyose vy'amatora, zikaba arizo ziharura, zikarungika ibitigiri vy'amajwi mu ntumbero yo kumenya uwatsindiye amatora mu gihugu cose.

Haraheze igihe abanyepolitike na cane cane abo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, batemera ivyavuye mu matora, bakavuga ko yaranzwemwo ubusuma.

Mu kwitegurira amatora y'uno mwaka, ubutegetsi bwaraguze ivyuma karuhariwe muvy'amatora, vyatwaye amamiliyoni y'amadolari kugira ngo birinde izo ngorane.

Abahurikiye mu runani NASA (National Super Alliance) rw'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, bizeye ko mu gihe boba biharuriye amajwi ibintu vyogenda neza kurusha.

Prezida ari ku butegetsi, Uhuru Kenyatta, ategekanya kwitoza mu matora yo mu kwezi kw'umunani mu kiringo ca kabiri ari naco ca nyuma.