Chelsea isigaje gutsinda gatandatu ngo yegukane igikombe

Chelsea na Tottenham nibo ba mbere mw'ihiganwa rya Premier League Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Chelsea na Tottenham nibo ba mbere mw'ihiganwa rya Premier League

Umumenyereza w'umugwi Chelsea Antonio Conte yavuze ko umurwi wiwe ukeneye intsinzi zitandatu ku nkino umunani isigaje, ngo yegukane igikombe ca Premier League.

Uwo murwi uri imbere amanota indwi ku mugwi wa kabiri Tottenham, inyuma yaho utsindiye 2-1 Manchester City ku munsi wa gatatu.

"Tottenham ishobora gutsinda inkino umunani. Kurivyo dukeneye amanota 18 ngo dushobore gutwara igikombe," niko Conte yavuze.

Hagataho umumenyereza wa Tottenham, Mauricio Pochettino, yavuze ko umurwi wiwe ushobora gutsinda inkino zose zisigaye ko izogwana gushika ku rukino rwa nyuma.

Tottenham yinjije ibitsindo bitatu mu gihe ca nyuma, uba utsinze Swansea 3-1.