Abana bashika 27 bari mu bishwe n'ubumara muri Syria

Ubumara bwa sarin ngo nibwo bushobora kuba bwarabahitanye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubumara bwa sarin ngo nibwo bushobora kuba bwarabahitanye

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, rivuga ko abana bashika mirongo ibiri n'indwi bari mu bantu benshi bishwe n'ibirwanisho vy'ubumara mu muji wo muri Syria ku wa kabiri.

Ishami rya ONU rijejwe abana, UNICEF, rivuga ko ico gitigiri gishobora kuduga mu gihe ivyabaye mu muji wa Khan Sheikhoun bisa nk'uko ari bibi cane kurusha uko vyibazwa.

Turkiya ivuga ko ibipimo yagize ku biziga, vyerekana ko abo bantu bahitanywe n'ibirwanisho vy'ubumara bishoboka ko bwoba ari ubumara buzwi kw'izina rya sarin.

Leta ya Syria ihakana ibivugwa na Turkiya, vy'uko ari abasirikare bayo bakoze ubwo bwicanyi.

Ivuga ko ivyuka vy'ubumara vyashwiragiye nyuma y'aho indege zayo zirasiye ahari habitswe ibirwanisho vy'ubumara vy'abarwanya leta.