Umushikiranganji wa mbere wa Kongo yatanze imihoho

Prezida Kabila ngo araba yagenye umushikiranganji wa mbere mushasha mu masaha ari imbere Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Kabila ngo araba yagenye umushikiranganji wa mbere mushasha mu masaha ari imbere

Umushikiranganji wa mbere wa leta ya Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo, Sami Badi Banga, yatanze imihoho ngo abise mushasha agiye kugenwa na Kabila.

Mw'ijambo yashikirije imbere y'inama nshingamateka, Prezida wa Kongo Joseph Kabila yatangaje ko mu masaha 48 azoba yagenye umushikiranganji wambere musha.

Ariko gushika ubu bamwe mu bo batavuga rumwe nawe ntibari bwashobore kwumvikana.

Ikibazo c'igenwa ry'umushikiranganji wa mbere nico cadindije ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo mu kwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze, hagati ya leta n'abatavuga rumwe nayo.

Prezida Kabila abasaba kumuha amazina atatu agahitamwo umwe, ariko bobo bakanana ngo mpaka bamuhaye rimwe gusa, vyibazwa ko ari umuhungu w'umuhisi Tshisekedi, bwana Felix Tshisekedi.

Soma andi makuru kuri Kongo:

Abasenyeri muri Kongo bemeza ko hari abadashaka amatora

Yegereyegere yahagaritse akazi muri RD Congo