Ba Prezida b'Ubushinwa na Amerika bari kubonana i Florida

Bwana Xi Jinping n'umutambukanyi wiwe Peng Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bwana Xi Jinping n'umutambukanyi wiwe Peng

Umukuru w'igihugu c'Ubushinwa, Xi Jinping, yashitse i Florida muri Leta Zunze Ubumze za Amerika kubonana na mugenzi wiwe Donald Trump.

Abo barongozi b'ibihugu bibiri vya mbere bitunze kurusha ibindi kw'izi babonanira mu nyubakwa y'akaruhuko ya bwana Trump, Mar-a-Lago.

Muri urwo rugendo ruza kumara amasha 24, bwana Xi agomba kuganira ku bibazo bitandukanye harimwo Korea ya ruguru hamwe n'urudandaza hagayi yibihugu vyombi.

Umunyamakuru wa BBC yandika ku Bushinwa avuga ko ababikurikiranira hafi bashobora kwitega ukwitwara kudasanzwe kw'aba bakuru bombi.

Kwifatira mu gahanga urudandaza rw'Ubushinwa, cari ikintu cagaruka cane mu kwiyamamaza kwa bwana Trump.