Amerika yateye Syria yihora ku bitero vy'ubumara biherutse

Missiles 59 zo mu bwoko bwa Tomahawk nizo zarashwe ku kirindiro ca Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Missiles 59 zo mu bwoko bwa Tomahawk nizo zarashwe ku kirindiro ca Syria

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika cagavye ibitero vya "missile" ku kirindiro ca gisirikare c'gihugu ca Syria, mu kwihora igitero bivugwa ko hakoreshejwe ubumara ku gisagara kigenzugwa n'inyeshamba.

"Missiles" 59 zo mu bwoko bwa Tomahawk zatewe ziva ku bwato bw'ingwano bwa Amerika buri mu kiyaga Méditerranée. Abantu batandatu ngo nibo bapfuye, nkuko igisirikare ca Syria cavuze.

Kibaye igitero ca mbere c'igisirikare ca Amerika ku ngabo za Syria zirongowe na Prezida Assad.

Kremlin, ishigikiye Bashar al-Assad, yiyamirije ico gitero.

Dmitry Peskov, umuvugizi wa Prezida Vladimir Putin, yise ico gitero "agasomborotso ku gihugu cigenga".

Ico gitero cakozwe bugira buce muri Syria, gishitse inyuma y'iminsi abantu baharugwa mu mirongo b'abasivile bagwiriyemwo abana bishwe mu gitero bivugwa ko hoba hakoreshejwe umwuka w'ubumara mu gisagara ca Khan Sheikhoun mu ntara ya Idlib.