Umukobwa yiruka marathon wo muri Kenya yatowemwo umuti wongereza inguvu

IAAF ivuga ko amaraso ya Jemima Sumgong yatowemwo umuti EPO wongereza inguvu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption IAAF ivuga ko amaraso ya Jemima Sumgong yatowemwo umuti EPO wongereza inguvu

Umukenya yiruka impinga ndende Jemima Sumgong yatsindiye umudali mu gisata ca marathon mu nkino za Olympique za Rio no muri marathon yo mu Bwongereza, yasanzwe arimwo umuti utanga inguvu uri ku rutonde rw'iyibujijwe.

Ikigo kigenzura igisata c'ubunonotsi kw'isi, "International Association of Athletics Federations" (IAAF), cavuze ko inyuma y'ugupimwa casanze afise ibimenyetso vy'umuti EPO.

Uwo muti ngo uratevya umuntu yawutewe kuruha, ugatuma umunonotsi yiruka n'inguvu kandi ku mwanya muremure.

IAAF ntiyavuze ico igiye gukora inyuma yaho ironkeye inyishu imaze kumupima.

Mu mwaka uheze, Kenya yashizwe ku rutonde rw'ibihugu bitisunga amategeko abuze kwitera imiti yongereza inguvu, ariko abanonotsi b'ico gihugu barasuzumwe bikomeye mu nkino za Rio mu 2016.

Hagati yo mu 2011 no mu 2016, abakenya barenga 40 baratowemwo iyo miti.