Agakobwa kibanira n'inkende mu Buhindi

Ubuzima bw'ako gakobwa katavuga buriko burasubira mu buryo
Image caption Ubuzima bw'ako gakobwa katavuga buriko burasubira mu buryo

Igipolisi co mu buraruko bw'Ubuhindi kiriko kirahiga abavyeyi b'akana k'agakobwa gaheruka gutogwa, kahora kabana n'inkende.

Ako gakobwa, koba gafise imyaka iri hagati y'umunani na 10, katowe mu ndwi ziheze mw'ishamba rya Uttar Pradesh.

Abaganga bavuga ko katashobora kuganira kandi ko kari gasigaye gasa n'inkende.

Umupolisi mukuru yabwiye BBC y'igihindi ko katowe gakina n'inkende, kigana ivyo zikora, igihe igipolisi kigiriye kugatabara.

Abanyagihugu nibo babonye ubwa mbere ako kana mu kirindiro c'ibikoko vyo mw'ishamba ca Katarniaghat, ku rubibe rw'Ubuhindi na Nepal.

Umupolisi Suresh Yadav, yavuze ko inkende zateye abapolisi bari kumwe igihe bari bagiye kukavana murizo.

Abaganga bavuga ko kaboneka ko kadafungura neza igihe bagashikana gafise imishatsi miremire n'inzara ndende, n'ibikomere ku mubiri.

Muri kino gihe amagara yako ngo yifashe neza, ariko ngo bitegekanijwe ko kajanwa mu kigo kirera abana no ku bahinga ngo gashobore gusubizwa mu buzima busanzwe.