Imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Zuma muri Afrika yepfo

Abari mu myiyerekano bari bafise intego yo gushika ku biro bikuru vya ANC Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Abari mu myiyerekano bari bafise intego yo gushika ku biro bikuru vya ANC

Imyiyerekano yo kwiyamiriza Prezida wa Afrika yepfo Jacob Zuma, yabaye mu bisagara bitandukanye vya Afrika yepfo, birimwo Cape Town, Durban n'umugwa mukuru Pretoria, abayigize bagasaba ko Zuma yokugwa.

Itunganijwe inyuma yaho Bwana Zuma akuye mu mabanga umushikiranganji yubashwe w'ikigega, bigatuma igihugu gikugwako icizere n'amakungu, bigira n'ingaruka ku butunzi bw'igihugu.

Ku rundi ruhande, abashigikiye Zuma nabo nyene bari baserutse gushigikira prezida wabo.

Muri ino ndwi Bwana Zuma yarashoboye gusimba imanga inyuma yaho imigwi ikorana na ANC isabiye ko yotanga imihoho.

Mu gisagara ca Johannesburg, abapolisi bari bagomowe ari benshi, mu gihe abagize imyiyerekano bashaka gushika ku biro bikuru vya ANC.

Abahora mu bagwanyi ba ANC igihe c'intwaro karyanishamiryango, Apartheid, hamwe n'abanywanyi b'umugambwe, bari bakikuje ibiro vya ANC ngo babikingire.