"Abu Ivanka", izina rishasha rya Trump inyuma y'igitero kuri Syria

Abaganiriye ku mbuga hwaniro bavuze ko bamukunda "We love you" Uwufise ububasha kw’isanamu FACEBOOK/BASEL KARZOUN
Image caption Abaganiriye ku mbuga hwaniro bavuze ko bamukunda "We love you"

Abarabu biriwe barakeza Prezida wa Amerika Donald Trump ku gitero yategetse ku ngabo z'igihugu ca Syria; mu rupfasoni n'icubahiro bahitamwo kumwita "Abu Ivanka" (Papa wa Ivanka)

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika cagavye ibitero ku kirindiro ca gisirikare ca Syria mu mutwenzi wo ku munsi wa gatanu, cihora ku bitero vyoba vyakoreshejwemwo ubumara, Syria yagavye mu gisagara kigenzugwa n'inyeshamba.

Inyuma yaho, abarabu baganiririye ku mbuga hwaniro batanguye kumwita Abu Ivanka -Papa wa Ivanka -mu kumuha icubahiro.

Abandi bamwise Abu Ivanka al-Amreeki - Papa wa Ivanka, umunyamerika.

Hari n'abandi batashimye ivy'ico gitero n'igituma cakozwe.

Abandi bavuze bati: "Wakoze mu mezi make ivyo Obama atoshoboye gukora mu myaka umunani".