Ikamyo yishe batatu ibahonyanze muri Suede

Iyo kamyo yinjiye mu bubiko bwa Ahlens buri hagati mu gisagara Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Iyo kamyo yinjiye mu bubiko bwa Ahlens buri hagati mu gisagara

Ikamyo yinjiye mu bubiko bw'inyubakwa, yishe abantu batatu ibahonyanze mu gihugu ca Suede, nkuko igipolisi cashikirije.

Ivyo vyabereye ahitwa Drottninggatan kw'ibarabara, Queen Street, rikunze kubamwo abantu benshi, abatari bake bakaba bahakomerekeye.

Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Suede, Stefan Lofven, yavuze ko vyose vyerekana ko ari igitero c'iterabwoba kandi ko hari umuntu yafashwe. Nta zindi nsiguro yatanze.

Ihinguriro rigaba iyo modoka, ryavuze ko yibwe mu masaha ya kare.

Iyo modoka yiciye abantu ku bubiko bwa Ahlens imbere ya saa cenda yo ku muhingamo, amasaha ya Suede.

Ishirahamwe rihingura ibinyobwa "Swedish brewery Spendrups" ryavuze ko iyo kamyo yibwe igiye gutanga ibintu mu kibanza bafunguriramwo (restaurant).