Amerika yidogera Uburusiya ku gitero c'ubumara muri Syria

Bwana Tillerson ategekanya kugendera Uburusiya muri ino ndwi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bwana Tillerson ategekanya kugendera Uburusiya muri ino ndwi

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'amakungu muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Rex Tillerson, yidogeye Uburusiya avuga ko bwananiwe gutesha Syria kugaba igitero c'ubumara mu gisagara kigenzugwa n'inyeshamba.

Uburusiya bwaremeye ko buzofasha ngo ububiko bwa Syria burimwo ibigwanisho vy'ubumara busambugwe- kubona butabikoze vyatumye ico gitero kiba, niko yavuze.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire bo mu mugwi w'ibihugu indwi bitunze kurusha ibindi, G7, bariko baritegura guhurira mu Butaliyano kuri uno wa mbere.

Mu biganiro bibahuza harimwo ugusaba Uburusiya ngo bwitandukanye na Prezida wa Syria Bashar Al-Assad.

Ku munsi wa kabiri, Bwana Tillerson azoja i Moscou ahejeje inama ya G7, aho azohura na mugenzi we w'Uburusiya, Sergei Lavrov.

Uburusiya ni igihugu kigenzi kandi gikorana n'ubutegetsi bwa Syria, bwafashije gupfundika amasezerano yo gusambura ibigwanisho vy'ubumara vya Syria.

Igitero kivugwa ko cakoreshejwemwo ubumara ku munsi wa gatatu mu gisagara ca Khan Sheikhoun, cishe abantu 89.

Mu kwihora, Amerika yarashe "missiles" 59 ku kirindiro c'igisirikare co mu kirere ca Syria ku munsi wa gatanu.

Syria yarahakanye ko ata bigwanisho vy'ubumara yakoresheje, Uburusiya nabwo bukavuga ko Amerika ata vyemezo ifise ko Syria yoba ifise ibigwanisho vy'ubumara.

Amerika yateye Syria yihora ku bitero vy'ubumara biherutse

Uburusiya bwashavujwe n'igitero ca Amerika