Amategeko y'ibihe bidasanzwe mu Misiri inyuma y'ibitero

Umurwi wa Leta y'iki Islamu, "Islamic State", wemanze ko ariwo wagavye ibitero vyibasiye amasengero y'aba Coptes Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umurwi wa Leta y'iki Islamu, "Islamic State", wemanze ko ariwo wagavye ibitero vyibasiye amasengero y'aba Coptes

Prezida wa Misiri Abdul Fattah al-Sisi yategetse ko hashingwa amategeko y'ibihe bidasanzwe ku mezi atatu, inyuma y'ibitero ku masengero y'aba Coptes vyahitanye abantu 44.

Iyo ngingo ituma ubutegetsi bushobora gufata umuntu uwariwe wese no gusaka mu mazu y'abanyagihugu.

Isabwa kwemezwa n'inama nshingamateka imbere yuko ishigwa mu ngiro.

Umugwi wiyita Leta y'Ikislamu, "Islamic State" (IS) niwo wemanze ivyo bitero vya Tanta na Alexandria ku munsi wa Mungu w'ibisandasanda.

Uwo mugwi umaze iminsi uhiga amasengero y'aba Coptes mu Misiri, mu minsi iheze ukaba wari wamenyesheje ko ugiye kugwiza ibitero.

Inyuma y'ibitero, Bwana Sisi yaragirishjije inama akagwi kajejwe umutekano mu gihugu, bavugana ku bijanye n'ivyo bitero.

Yaragabishije avuga ko ingwano kuri uwo mugwi w'aba jihadists "izoba ndende kandi ko izobabaza", kandi ko amategeko yo mu bihe bidasanzwe azoja mu ngiro inyuma yaho "ibikenewe ku bijanye n'amategeko hamwe n'ibwirizwa shingiro" bizoba vyatunganijwe.

Abashingamateka benshi barashigikiye Bwana Sisi.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igitero ca mbere cabereye mw'isengero St George i Tanta, igisagara co mu buraruko

Hari haheze iminsi umukuru w'igihugu ategetse ko hagomogwa inteko za gisirikara gukingira ibibanza bikomakomeye vy'igihugu.