Ubushinwa bwemeye guhemba abarereka ba maneko bavuye hanze

Agashimwe ni kuva ku ma yuan 10,000 gushika yuan 500,000 ( $1400 gushika $72000) Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyrightAFP/GETTY IMAGES
Image caption Agashimwe ni kuva ku ma yuan 10,000 gushika yuan 500,000 ( $1400 gushika $72000)

Leta y'Ubushinwa igiye gutanga amahera afadika ku batanze amakuru yo gufata ba maneko baje bava hanze, niko ikinyamakuru c'igihugu camenyesheje.

Abanyagihugu bo ku mugwa mukuru w'Ubushinwa bashobora guhembwa gushika ku ma yuan 500 000 ($ 72000) batanze amakuru.

Ubutegetsi bw'igisagara busaba abanyagihugu gufasha ngo "hubakwe buhoro buhoro uruhome rw'icuma mu kugwanya ubugizi bwa nabi no kwirinda ba maneko."

Ubutegetsi bwagabishije kuva mu mwaka uheze, bugabisha no kureshwa na ba maneko bavuye hanze.

Busaba abanyagihugu kwirinda urukundo rwotera ingaruka mbi (dangerous love).

Ubutegetsi buvuga ko mu kwezi kwa mbere, abarovyi bo mu ntara ya Jiangsu batoye bahiga ifi " igikoresho batashoboye kumenya ico gikora, canditsweko amajambo ari mu rurimi rwo hanze" bagiha ubutegetsi.

Munyuma bwasanze ico gikoresho cakoreshwa mu kuneka, gitanga amakuru ku Bushinwa.